Home » News & Politics » Abana barenga imiriyoni 2 ntibarashikirwa n'umugambi wo gufungurirwa ku mashure.

Abana barenga imiriyoni 2 ntibarashikirwa n'umugambi wo gufungurirwa ku mashure.

Written By Mashariki TV on Monday, May 15, 2023 | 01:19 PM

 
#Burundi: Abana 650.000 bararonswa imfungurwa ku mashure mu ntara indwi, ari zo Bujumbura, Bubanza, Cibitoke, Gitega, Ngozi, Muyinga, na Kirundo mu mwaka uza hakazo kwiyongerako intara ya Makamba. Vyashikirjwe kuri uyu wa mbere aho uburundi bwahimbaje umusi mukuru wahariwe gufungurira abana ku mashure. Umutambukanyi w'Umukuru w'Igihugu Angeline Ndayishimiye yahamagariye abarundi bose gufata mu minwe uwo mugambi kugira ngo mu mwaka wi 2030, abana bose bo ku mashure shingiro yo mu gihugu bazobe bafungura kw'ishure.